NTIWOTINYE IY’UBA WAR’UZI UKURI !

N’iki gishobora guhagarika ubwoba muri twebge?
Imana? Oya, Imana ntiyohagarika ubwoba muri twebge kuko ari yo itwibwirira iti: « Ntumutinye. »

Yabwiye umusavyi wayo Yakobo iti:
« Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe; ntukihebure, kuko nd’ Imana yawe: nzogukomeza, nzogutabara, mbere nzokuramira n’ukuboko kw’i buryo kw’ukugororoka kwanje. »(Yesaya 41:10)

Ntidukeneye rero Imana ngo idukize ubwoba. Ahubwo, dukeneye kumenya ukuri kubidutera ubwoba ndetse no kuri twebge ubwacu.
« Muzomenya ukuri, kand’ ukuri kuzobaha kwidegemvya. »(Yohana 8:32)

Dufise amakuru akenewe kandi y’ingirakamaro ku bidutera ubwoba, turashobora kumenya uko tuvyitwaramwo.
Ariko kandi, tuzi ko kubera ko turi abana b’Imana, uwuri muri twebge arusha inkomezi uwuri mw’isi, ntidushobora kugira ubwoba.
« Mweho mur’ abava ku Mana, bana bato, kandi ba bandi mwarabanesheje: kuk’ Uri muri mwebge aruta uri mu b’isi. »(1Yohana 4: 4)

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe guhora twifuza kumenya ukuri.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisabye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *