NTUCOKORE IMANA

Nta kintu c’ubujuju kandi kibi nko gucokora Imana.

Mw’ibaruwa yandikiye Ab’i Galatiya, intumwa Pawulo arabishimangirako. Avuga ati:
« Ntimuzimire: Imana yo nticokorwa; kukw ic’ umuntu abiba cose ari co azokwimbura. Ubiba mu buryo bg’umubiri azokwimbura ukubora mu mubiri; arik’ ubiba muri Mpwemu azokwimbura muri Mpwemu ubugingo budashira. »(Abagalatiya 6:7-8)

Muvy’ukuri, gucokora Imana n’ukwitwara nk’uko Imana yoba idafise amaso yo kubona ivyaha dukora, nk’uko yoba itagira amatwi yo kwumva ivyo tuyituka n’ivyo tuyibeshera, canke nk’uko yoba idashobora kugira ico ikora.
Nk’akarorero, gucokora Imana n’ukwiyitirira kuyumvira, kuyikunda, no kuyikorera, kandi atari vyo.
Gucokora Imana bikomeretsa Mpwemu Yera kandi bituma icaha gishinga imizi, kigakomera mu mitima yacu, umutima ugaca ugenda ukomantara buhoro buhoro.
Yamara, gucokora Imana n’ukwibesha kuko umuntu ashobora kwimbura ivyo yabivye gusa.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe kutigera twubahuka kugucokora.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *