NTUGIRA ICO WIREGUZA

Mbega uba ushaka gushika kuki iyo uriko urahinyura abandi ?
Birashoboka ko woba wigereranya n’abandi ugasanga ari babi kukurusha!
Ariko ivyo ntibikurekurira kuguma mu nzira y’ikibi.

« Ni co gituma utagira ico wireguza, wewe muntu wese uhinyura uwundi. K’uhinyura uwundi, uba witsindishije; kuko wewe umuhinyura ukora bimwe n’ivy’ akora. »(Abaroma 2:1)

Muvy’ukuri, iyo duhinyuye abandi,  tuba tugaragaje ko tuzi neza gutandukanya ikibi n’iciza;  tuba twerekanye rero ko dufise umutimanama. Kandi natwe igitangaje, n’aho twihutira kunegura no guhinyura abandi, dusanga natwe twakoze ibibi nk’ivy’abo duhinyura, canke ibibiruta.

Aho guta umwanya duhinyura abandi, ijambo ry’Imana ridusaba kwihana(soma Abaroma 2: 4), kuko nta na kimwe mu vyaha dukora, n’ivyo dukora twinyegeje, tuzoronka uko twiregurako.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe ubutwari bwo kwihana.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *