NTUHE AGACIRO SATANI !

Har’igihe tuvuga ngo « uno musi ndagerageza sincumure » nk’uko womenga dutegerezwa gucumura.
Mur’ico gihe tuba duhaye agaciro Satani, kuko tuba tumweretse ko tumutinya kubera tuba tugaragaje ko adufiseko ubushobozi.

Ariko, iyo tugenda tuzi kandi twibuka ko Yesu yadupfiriye ku musaraba kugira ntihagire igicumuro na kimwe kitubazwa, tuba duhaye agaciro uwaducunguye.

« Muri we ni ho duhērwa gucungurwa n’amaraso yiwe, ni kwo guharirwa ibicumuro vyacu, nk’ ukw itunga ry’ubuntu bwayo riri. »(Abanyefeso 1:7)

Iyo ivyo tubizi, tugenda dutunganiwe, dufise amahoro mu mitima kuko tuba twemera ko ivyo Satani akora vyose kuri twebge kugira ngo atugirire nabi, ataco bishikako.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Imana yacu, dufashe guhora duha agaciro Kristo gusa mu buzima bwacu.
Tubisavye mw’izina ry’umwana wawe nyene, Yesu Kristo, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *