NTUNEZEREZWE N’UKO UMWANSI WAWE ABABAYE !

Uwo munezero uba wihishije mu mitima y’abantu benshi mu iyo ivyago bibaye ku bakeba babo canke abansi babo biratey’isoni imbere y’Imana, bibabaza Imana cane.

Igitabo c’Imigani kivuga ngo:
« Umwansi wawe ni yagwa ntuz’ unezerwe, Umutima wawe woye guhimbarwa ni yatsitara. »(Imigani 24:17)

Muvy’ukuri, abansi bawe ni abana b’Imana nabo nk’uko na wewe ubwawe uri uwayo, kandi Imana ibakunda kurwego rumwe nawe.
Iyo unezerejwe n’ivyago vyabo, umenye ko biba bibabaza Imana cane.
Umenye kandi ko ivyo vyago bishikira abansi bawe bishobora no kugushikira nawe canke ugashikirwa na bibi kuruta.
Burya ikibi kiguma ari kibi ku muntu uwo ariwe wese kibayeko; wewe canke, ucirinde, ukirinde n’abandi kandi ntuzigere unezerezwa n’uko hari abandi bantu kibayeko.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, uduhe kutazosubira kunezerezwa n’ivyago bishikiye abandi.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *