NTURENDEGERE NGO N’UKO IMANA IKWIHANGANIRA

Ugasangwa warishe abantu, ukaba wicaye ataco winona kubera ubutungane butagukurikirana,
Ugasangwa warivye, ugasahura ariko ukaba utigeze ufatwa,
Ugasangwa warabeshe abantu ariko bakaba batigeze baguhinyura,
Ugasangwa warasambanye ariko ukaba utanduye sida,
Nturendegere.

Niwaba udakurikiranwa n’Uburungane, niwaba utafashwe nk’uko abandi bahora bafatwa, canke niwaba utanduye sida, ntiwibaze ngo n’uko woba uri umuntu adasanzwe canke ko woba uri umunyabgenge canke woba uzi kwirinda kurusha abandi.
Oya, ni kubera gusa Imana yakwihanganiye, ishaka ko wihana.

« Imana… yihanganira mwebge, ntigomba ko hagira abahona, arikw igomba ko bose bihana. »(2 Petero 3:9)

Muvy’ukuri, wagiriwe ubuntu bgo kwihanganirwa abandi bakoze nk’ivyo wakoze batagize.
Ukwiriye kubimenya kandi ukumva ko Imana yarindiriye igihe kinini kugira ngo ubone umwanya wo kwihana.
Nturendegere, ahubwo niwihane uyu munsi, mbere n’ubu nyene.
« Nukw iyo misi y’ubutamenya, Imana yarayirengagije, ariko noneho, igera kw abantu bose bari hose bihana. »(Ivyakozwe n’Intumwa 17:30)

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe inkomezi n’ubutwari vyo kwihana.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
https://thelionofjudah.cw.center/
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *