NTUSHOBORA KUTAGIRA AHO UHENGAMIYE

Uba umusavyi w’Imana canke umusavyi wa Satani, nk’uko udashobora kuba umwana w’Imana ngo ube n’umwana wa Satani icarimwe.

Yesu yavuze ati:
« Nta wusaba abami babiri: kuko yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kur’ umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga. »(Matayo 6:24)

Mbere mu buryo butomoye, ijambo ry’Imana ritubwira ko:
« Ukora ivyaha n’uwa wa murwanizi, kuk’ uhereye ubga mbere na mbere uwo Murwanizi yamye akora ivyaha. Icatumye Umwana w’Imana ahishurwa ngiki: n’ukugira ngw asangangure ibikorwa vy’Umurwanizi. Umuntu wese yavyawe n’Imana ntakora ivyaha, kukw imbuto yayo iguma muri we; kandi ntashobora gukora ivyaha, kuko yavyawe n’Imana. Iki ni co kimenyekanisha abana b’Imana n’abana b’Umurwanizi: udakora ibigororotse wese s’uw’ Imana, cank’ udakunda mwene Data wundi. »(1 Yohana 3:8-10)

Uhagaze he?
Ntushobora kutagira aho uhengamiye, hitamwo kuba uw’Imana canke uwa Satani.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, dufashe guhora dukurikira umwana wawe Yesu Kristo.
Mw’izina ridasanzwe rya Yesu Kristo niho tubisavye tuvyizeye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *