N’UMUKIZA

Mukundwa, « ndagusengera ng’ umererwe neza muri vyose, uhore uhangaye, nk’uk’ ubugingo bgawe bumerewe neza. »(3 Yohana 1:2)

Umuvuzi wacu ni Yesu.
Incuro mirongindwi muri Matayo, Mariko, Luka na Yohana, Yesu yabajijwe nimba yokiza umuntu.
Ntiyigeze avuga OYA.
Ntiyigeze yanka abashaka gukira.
Incuro zitandatu mu butumwa bwiza, Bibiliya yawe ivuga kandi ko Yesu yabakijije bose.
Muri Bibiliya yawe nyene, handitswe kandi ngo:
« Yesu Kristo uko yar’ ar’ ejo, n’uyu musi ni kw akiri, ni kw azokwama ibihe bidashira. »(Abaheburayo 13:8)

Yesu akiza kubera impuhwe zikomeye ku kubabazwa kw’ikiremwamuntu kuburyo zamurungitse ku musaraba, ahuza umuntu n’Imana, umubiri n’ubugingo.
Yesu agufitiye impuhwe zirenze uko uvyibaza; Arakiza abamwegera bose mu kwizera, bizera amasezerano yo gukira aboneka mw’Ijambo ry’Imana nk’uko yakijije abamwegereye igihe yari hano kw’isi mu mubiri.

IGISABISHO:
Uhoraho Imana yacu, duhe guhora twegera Kristo kugira ngo adukize.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye tuvyizeye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *