NZOTUMA UWO MUGANI UZIMANGANA

Mu gihe ca Ezekiyeli, abantu bo muri Isiraheli bari baravuye ku Mana kandi bari batanguye kuvuga amajambo atuka Imana, bavuga ngw Imisi iratevye, kandi ng’ Ukwerekwa kwose kurabuze!

Niho Imana yatuma umuhanuzi Ezekiyeli kub’isiraheli kubabwira ati:
« Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzotuma uwo mugani uzimangana, ntibongere kuwuca mu Bisirayeli nk’umugani; arik’ ubabgire, ut’ Imisi iregereje, n’ivyerekanywe vyose bigira bishike. »(Ezekiyeli 12:23)

Abantu baturaba ntibaba bazi imigambi y’Imana kuri twebwe hamwe n’ukwerekwa turindiriye.
Kutamenya ico Imana yatuvuzeko, bishobora gutuma bubahuka kutuvuga amajambo mabi canke bakayavuga no mu Mana.
Na cane cane iyo babona turi mu buzima bubi, canke twashikiwe n’ivyago vyinshi mu buzima, bivugira ngo Imana yaraduhevye, ngo Imana yaradukuyeko amaboko, ngo Imana iriko iraduhana kubera ivyaha twakoze, n’ayandi majambo mabi.
Ntitureke rero ngo ayo majambo mabi batuvugako ngo aduce intege, ahubwo dukomeze ukwemera no kwizigira Imana.
Umunsi ivyo Imana yatuvuzeko bizoshika, abatuvuze bose n’abadusetse bazoceceka.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kutazigera ducika intege kubera amajambo mabi twumva.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *