REKA KUBESHA, NTUKUNDA IMANA

N’igihe co guhagarika kwinyegeza inyuma y’amajambo y’iyobokamana kugira ngo wirinde ukuri kugoye kwemera.

Kuvuga uti “Ndakunda Imana” biroroshe.
Kuririmba, gusenga, kwisonzesha… ivyo vyose birashobora kunezereza abantu.
Ariko Imana ntihendwa n’ivyo ibona inyuma.

Intumwa Yohani arabivuga ata kurya umunwa:
« Umuntu ni yavuga, ati Nkunda Imana, akanka mwene Data wundi, aba ar’ umubeshi. Kuk’ udakunda mwene Data yabonye ntashobora gukunda Imana atabonye. » (1 Yohana 4:20)

S’uko uri umunyantege nke.
S’uko uri mu nzira yo gukura.
Ahubwo ur’umubeshi.

Iri n’ijambo rikomeye, ariko rirakenewe.

Urukundo rw’Imana ntiruvugwa gusa, rugaragarira mu bikorwa

Imana ntiboneka.
Ariko umuvukanyi wawe araboneka.
Ntushobora kwirengagiza, gusuzugura, kwanka, kugirira ishari canke kubabaza abantu…
hanyuma ngo uvuge ko ufitaniye isano n’Imana.

Kuko urukundo rw’Imana ruca muri wewe rukagera ku bandi.

Kutababarira n’ukugara umuryango ku Mana.

Kubika inzigo n’uguhakana Imana.

Kugira ubwibone n’ukwihakana Imana.

Wovuga mu ndimi, ugahanura (canke ukavugishwa), ukigisha…
ariko nimba ata rukundo ufise canke ubikoramye, ivyo vyose biba ar’ivy’ubusa.

Ikibazo nyamukuru n’umutima

Iyi nyigisho ntivuga ku bikorwa gusa,
igaragaza umutima utarahinduka.

Gukunda Imana s’ivyiyumviro gusa.
Ni kamere.

Kandi iyo kamere itanga ivyamwa:
kwihangana
kubabarira
kugira imbabazi
kwicisha bugufi
ukuri

Nimba ivyo vyamwa bitabonetse, nturondere inyishu z’iyobokamana.
Subira kw’isoko.

Imana ntirondera amajambo, irondera ivyemezo.

Uyu munsi, Imana ntiraba ubwinshi bw’amasengesho yawe.
Iraba uko ukunda.

Ukunda gusa abakwubaha?
Canke ushobora gukunda n’abakubabaje?

Aho ni ho ukuri kw’ukwizera kwawe kugaragarira.

Kuko gukunda Imana utarinze gukunda abantu…
ni ukwihenda kw’iyobokamana.

Fata ingingo uyu munsi,
Reka kubesha Imana.
Reka no kwibesha wewe nyene.

Nimba urukundo rutariho, vyemere.
Kandi ureke Imana ihindure umutima wawe.

Kuko ku mpera, ikizobazwa ari kimwe gusa:
woba warakunze koko?

IGISABISHO:
Mwami Mana,
Uzi umutima wanje kundusha kuwumenya.
Ahari urwanko, rukureho.
Ahari ubwibone, bukureho.
Nyigisha gukunda nk’uko Wewe ukunda.
Reka urukundo rwanje ku bandi rube icemezo c’ukuri kw’urukundo ngukunda.
Mpindura, kugira ngo ngendere mu kuri.
Mw’izina rya Yesu Kristo, Amen.

Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *