REKA KWIYOBERANYA

Kwiyoberanya ni amayeri y’abantu babi kugira ngo abantu ntibabamenye.
Uku niko bimeze no ku ntumwa z’ibinyoma zo muri iki gihe, muvy’ukuri ari abakozi bagunga gusa canke b’abatekamutwe.
« Abameze bartyo n’intumwa z’ibinyoma, n’abakozi bagunga, bigira intumwa za Kristo. Kand’ ivyo ntibitangaza, kuko na Satani yigira umumarayika w’umuco. Nuko s’ikigoye kw abakozi biwe na bo bigira nk’abakozi b’ukugororoka: iherezo ryabo rizohwana n’ibikorwa vyabo. »(2 Ab’i Korinto 11:13-15)

Ariko rero, ntampamvu yo kwiyoberanya kuko, kenshi, mu bihe bimwe na bimwe, Imana irashira ahabona abantu babi kugirango ibiyereke canke irinde abana bayo.

Yerobowamu yarungitee umugore wiwe ku muhanuzi Ahiya, amubwira imbere y’uko agenda ati:
« Enda genda wiyoberanye, kugira ngo woye kumenyekana k’ur’ uwanje… »(1 Abami 14:1-3)
Bibiliya itubwira ko Ahija yumvise ibirenge vyiwe acinjira mu muryango, aramubarira, ati « Shika, yewe muka Yerobowamu! N’iki gitumye wihindura uwundi? »(1 Abami 14:6)

N’ukuri, nta mpamvu yo kwiyoberanya.
Aho kwiyoberanya, umuntu wese akwiriye ahubwo kureka ikibi azwiko akaba umwana mwiza w’Imana.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, dufashe kuba abantu beza.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *