SABA IMANA UBUFASHA

Ni vyiza kuba dufise abantu badufasha hafi yacu, nk’akarorero, abagize umuryango wacu batwitaho canke abagenzi bashaka kudufasha.
Ariko, ikigaragara n’uko rimwe na rimwe bishika abantu bakatwirengagiza canke ntibashobore kudufasha n’ubwo boba babishaka.
Nico gituma “Kugira Uhoraho ubuhungiro kuri n’ikimazi Kuruta kwizigira abantu”(Zaburi 118:8)
Umwami ubwiwe ntiyirengagiza abana biwe kandi ntabura inkomezi n’ubushobozi imbere y’imibabaro yacu.

“Ugutabarwa kwanje kuva k’Uhoraho Yaremye ijuru n’isi.”(Zaburi 121:2)

Nivyo koko Imana ntikora buri gihe nk’uko dushaka, ariko turayizera kuko yavuze iti:
“Uz’ unyambaze ku musi w’amagorwa, Nzogukiza, nawe uzompesha icubahiro.”(Zaburi 50:15)
Iri s’isezerano ry’ubusa; Bibiliya itanga uturorero twiinshi tw’amateka aho Imana yatabaye abantu bakeneye ubufasha.
Ubufasha buturuka ku bantu n’ubufasha buva ku Mana ntawobutandukanya, kuko Imana, Yo soko ry’ivyiza vyose, niyo ibwira abantu kudufasha. Dukwiriye rero kubashimira tutibagiwe no gushimira Imana ibakoresha kugira ngo idukorere ivyiza.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe guhora tugusaba ubufasha, igihe cose tubukeneye.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *