“Nuko rer’ umuntu wese iy’ ari muri Kristo, aba ar’ icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha.” (2 Ab’i Korinto 5:17)
Hariho impinduka amaso y’abantu adashobora kubona, ariko ijuru ryo ribona vuba.
Iyo umuntu yakiriye Kristo, ishusho yiwe yo hanze ntihinduka cane.
Abamuraba baguma babona ya sura nyene, uburebure bumwe, ijwi rimwe, n’ukuntu agaragara inyuma.
Ariko imbere muri we hari ikintu gikomeye cane kiba cahindutse.
Umutima wiwe uba wahindutse.
Uburyo yiyumvira buba bwarahindutse.
Ivyipfuzo vyiwe biba vyarahindutse.
Ivy’imbere muri we biba vyarahindutse.
Uburyo abana n’Imana buba bwarahindutse.
Ni co gituma umwana w’Imana ashobora kuvuga ashize amanga ati:
“Sinkiri uwo nari ndi canke uwo muzi.”
Naho uburebure bwanje, ibiro vyanje, n’isura yanje vyoba bitarahinduka, sinkiri uwo mwari muzi. Narahindutse.
Kera, nagendera mu mwiza, ariko ubu ngendera mu muco.
Kera, nari umuja w’icaha, ariko ubu narabohowe na Yesu Kristo.
Kera, nabaho nkurikira ivyipfuzo vyanje, ariko ubu ndondera gukora ivyo Imana igomba.
Kera, nta vyizigiro nari mfise, ariko ubu nzi ko kazoza kanje kari mu minwe y’Uhoraho.
Yesu yabwiye Nikodemu ati:
“N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’ umuntu atavyawe ubga kabiri, ntashobora kubona ubgami bg’Imana.” (Yohana 3:3)
Kuvuka ubwa kabiri rero si uguhinduka gusa mu nyifato. Ni impinduka ndende cane ikorwa na Mpwemu Yera.
Umuntu ntagira gusa kuba mwiza kurusha; ahubwo kandi aba icaremwe gishasha.
Ni co gituma intumwa Pawulo yanditse ati:
“Nabambanywe na Kristo, ariko ndiho; yamara si jewe nkiriho, ni Kristo ariho muri jewe. Ivyo nkora vyose nkiriho mu mubiri mbikoreshwa no kwizera Umwana w’Imana yankunze, akanyigura.” (Ab’i Galatiya 2:20)
Isi ishobora kugerageza kukwibutsa kahise kawe.
Bamwe bashobora kuguma bakubona nk’uwo wigeze kuba. Ariko Imana yo ikubona biciye mu gikorwa cuzuye c’Umwana wayo Yesu Kristo.
Muri Kristo, ntukibonerwa ku makosa yawe, ku kunanirwa kwawe, ku bikomere vyawe, canke ku ngeso za kera.
Uri icaremwe gishasha.
Nuko rero, ntusubire ku vyo Imana yamaze gusiga inyuma.
Gendera muri kamere kawe gashasha.
Baho ukurikije kamere yawe nshasha.
Kandi ntiwibagire ibi: iyo Imana ihinduye umutima, ihindura n’iherezo ry’ubuzima.
Uhoraho n’atume ubuzima bushasha yaguhaye burabagirana muri wewe.
Shalom.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
