TANGA BIVUYE KU MUTIMA UKUNZE

Bibiliya iradusaba guhora twiteguye gutanga umuganda mu bikorwa vy’Umwami.

« Maze baraza, umuntu wese asunitswe n’umutima wiwe, n’umuntu wese atanze bivuye ku mutima, bazana amashikanwa bashikanira Uhoraho, yo gukoresha rya hema ry’ibonaniro, n’ayo gukoresha ibikorwa vyaryo vyose n’ayo gukoramwo ya myambaro yejejwe. »(Kuva 35:21)

Amategeko agenga amashikanwa yo gukoresha ihema ry’ibonaniro yar’atomoye: Abasunikwa n’umutima wabo gusa, kandi bivuye Ku mutima wabo nibo bonyene bazana ayo mashikanwa.
Kandi, uretse ko ayo amashikanwa yatangwa ku bushake, umuntu wese yatanga ico afise.(Soma Kuva 35:22-28)
« Nukw abagabo n’abagore bose b’Abisirayeli bemejwe n’imitima yabo kugira ico bazana cose co gukoresha igikorwa Uhoraho yabariye Mose gukora, babizanakw amashikanwa avuye ku mitima ikunze, babishikanira Uhoraho. »(Kuva 35:29)

Amasengero yacu atandukanye afise umuhamagaro wo gukorera Imana. Niyo mpamvu umukristo mwiza wese ategerezwa guhora asunikwa n’umutima wiwe gutanga umuganda wiwe mu kwubaka isengero ryiwe.
Har’aho usanga, bamwe babikora kugirango biyerekane canke bemerwe mw’isengero, abandi nabo bakabikora kubera ubwoba canke agahato k’abarongoye idini, ariko twebwe dukwiye kubikora babikuye ku mutima.
Reka imitima yacu ihore yiteguye guterera umuganda uwo ari wo wose mu kwubaka isengero.

IGISABISHO:
Data wa twese uri mw’ijuru, duhe guhora twiteguye gufasha kwubaka isengero ryacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *