TANGA, NTUVUGE NGO: UZ’UGARUKE EJO !

Kuber’iki uvuga ngo ejo niho uzokora iciza ushobora gukora uno munsi?
Ntuzosubire kubikora, niwaba naho wahora ubikora, menya ko Bibiliya ibitubuza.

« Ntukabgire mugenzawe, uti Genda, uz’ugaruke, Ejo nzoguha; Kand’ ubifise ngaho. »(Imigani 3:28)

Iyo umuntu afise ivyo agukeneyeko, kandi nawe ufise ubushobozi bgo kubimufasha, kandi ukaba ubona ko uwo muntu akwiriye infashanyo yawe, ntubure guca umufasha, mufashe.
Ntumubgire uti Genda, uz’ugaruke, Ejo nzoguha imfashanyo yawe kuko ejo, ushobora kutazoboneka, ejo hashobora kwaduka Intambamyi zituma udashobora kumuha ivyo wamwemereye.
Ubwiye umuntu uti « Genda, uz’ugaruke, Ejo nzoguha » uba uriko uramutesha umwanya kuko ivyo agusaba ashobora kuba abikeneye muri uwo mwanya nyene, kandi uba umwishe mu mutima kuko burya birateye isoni gusabiriza ubugira kabiri.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe ubutwari bgo guhora duha abandi ivyo bakeneye nimba tubifise.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *