TUGENDE TUJE KU NGORO Y’UHORAHO

Dawidi yararirimvye ati:
« Naranezerewe hamwe bambgira, Bati Tugende tuje ku ngoro y’Uhoraho. »(Zaburi 122:1)

Dawidi yaririmba agaragaza amarangamutima yiwe, kuko yari anezerejwe no kuja gukoranira hamwe n’abandi mu nzu y’Imana.
None nawe birakunezereza?
Hari abaja mw’isengero kubera vyabaye umugenzo iwabo,
Hari abaja mw’isengero kugira baje guhurira mu nzu y’Imana n’abo bakumbuye,
Hari n’abaja mw’isengero kubera bifuza kuja kuruhukira mu nzu y’Imana.
Impamvu ni nyinshi kandi ziratandukanye.
Nkwifurije ko woja mu nzu y’Imana wumva bikunezereje kuko iyo Satani ashaka kukwankisha Imana no kukwigiza kure yayo, ahera ku kugutuma wumva utagishaka kuja mw’isengero canke wumva utagishaka no gukoranira hamwe n’abera.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Imana yacu, duhe guhora tunezerezwa no kuza mu nzu yawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye tuvyizeye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *