TWARAHINDUTSE

Abo twari turi imbere y’urupfu rwa KRISTO YESU sibo tukiri ubu.

« Nuko rer’ umuntu wese iy’ ari muri Kristo, aba ar’ icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha. »(2 Ab’i Korinto 5:17)

Biciye mu Impongano ya Yesu Kristo, twiyunze n’Imana duhinduka ibiremwa bisha Imana yashaka ko tuba.
Ivyiyumviro vyacu, inyifato yacu, ivyifuzo vyacu, ibikorwa vyacu, ibidutera umunezero, agahinda, ubgoba n’ivyizigiro, vyose vyarahindutse.
Rero ibintu vyose vyahinduwe bisha, kubera umurimo w’Imana, umaze gutangura muri twebge, ntayindi ntumbero uretse kuduhindura beza (Abafilipi 1:6, Abefeso 2:10, Abagalatiya 6:15).

None wewe woba utarahinduka?
Nimba utarahinduka, ntuvyifuza ?
Akira Yesu nk’Umwami n’Umukiza wawe aze mu buzima bgawe, vyose abihindure bisha.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Imana yacu, dushoboze guhinduka, tube abo wifuza ko tuba.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *