TWIRINDE ABIGIRA ABAVUGISHWA N’IMANA

Muri iki gihe, turabona canke turumva abantu bavuga ko ari « abavugishwa n’Imana »!
N’abantu b’Imana canke n’abantu ba Satani?

Bibiliya igira iti:
« Mwirinde abigira abavugishwa n’Imana; baza kuri mwebge bambaye nk’intama; arikw imbere ar’ amabingira y’inkazi. Muzobamenyera ku vyo bama. Mbega har’ uwokwamura inzabibu ku munyinya, cank’ insukoni ku bitovu? Nukw igiti ciza cose cama ivyiza, arikw igiti kibi cama ibibi. »(Matayo 7: 15-17)

Biroroshe kumenya abantu b’Imana dufatiye Ku kubera batuma dushira ivyizigiro vyacu ku Mana aho kubibashirako. Kandi ibintu vyose abantu b’Imana bakora, babikora kubw’icubahiro c’Imana.
Ariko, benshi muri abo bantu bo muri iki gihe, bavuga ko ari abavugishwa n’Imana, ntibarondera icubahiro c’Imana. Bironderera icubahiro cabo, bagatuma tubashirako ivyizigiro vyacu kugira badukuremwo amafaranga, batwumvishije ko uko tubahemba, ariko badusengera.
Reka twitonde, nta murimo w’Imana wishurwa amafaranga!
Abishuza amafaranga abana b’Imana, s’abantu b’Imana, n’abantu ba Satani.

IGISABISHO:
Data wa twese uri mw’ijuru, duhe kutigera twizera abigira abavugishwa n’Imana.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *