UBGA MBERE NA MBERE, IMANA

Ntuzigere wibagira iri jambo:
« Ubga mbere na mbere, Imana… »(Itanguriro 1:1)

Ubga mbere na mbere, mu ntango y’umunsi, Imana.
Senga Imana, uyibwire ivyo wateguye gukora vyose kandi uyisabe kukurinda no guhezagira umunsi wawe.

Ubga mbere na mbere, mu ntango y’igikorwa, Imana.
Senga Imana kandi uyisabe kukuyobora no kugushikana kuco wifuza.

Ubga mbere na mbere, mu ntango y’umubano uwo ari wo wose n’umuntu, Imana.
Senga Imana kandi uyisabe kukubgira niba two muntu ari umugisha canke umuvumo mu buzima bgawe.
Senga Imana kandi uyisabe gukurikirana uwo mubano no kuwurinda.

Ubga mbere na mbere, mu ntango y’umugambi uwo ariwo wose, Imana.
« Uremeke Uhoraho ibikorwa vyawe, Ni ho imigabo yawe izokomera. »(Imigani 16:3)

Imana n’itaba ariyo itangura, ubga mbere na mbere ya vyose, ntitwizere ko izorengera ikintu ic’arico cose tuzokora.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe guhora dutangura kukuremeka ibintu vyose imbere y’uko tubikora.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *