UBUMWE MU BIDUTANDUKANYA

Umuntu wese yemera Yesu Kristo, aba ari umwana w’Imana. Ubwoko bwiwe, idini ryiwe canke ibindi bimutandukanya n’abandi nta gaciro biba bigifise ku muntu wa Kristo.

« Mwese muri umwe muri Kristo Yesu. »(Ab’i Galatiya 3:28)

Ibitandukanya abantu vyose ntaco bivuze ku bana b’Imana, kubera ko ishusho yaturemanye n’ikituranga muri Kristo arivyo bifise agaciro ku Mana.
Imana yo ikunda abana bayo bose co kimwe.
Ibidutandukanya rero ni ivyitwazo gusa n’ibinyoma Satani akoresha kugira ngo atwibagize canke atume twirengagiza ko turi abana b’Imana, kandi turi umwe muri Kristo Yesu, kugira ngo atuzanemwo amacakubiri.
Iyo tuvyemeye, tuba tuguye mu mitego ya Satani.
Twirinde amacakubiri, n’umutego mubi wa Satani.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe kuguma mu bumwe hamwe n’abana bawe bose.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *