UBURYO BGO GUPFUKAMA IMBERE Y’IMANA

Ubwo duhora dupfukamira Imana tubikuye ku mutima?
Ng’ubu ubwoko bune bgo gupfukamira Imana:

1. Gupfukama n’amavi y’umubiri
« Amavi yanje adendebuwe no kwisonzesha, Umubiri wanje umazwe inkomezi n’umunanu. »(Zaburi 109:24)
Iyo dupfukamye, umubiri wacu wose uba uhagaze imbere y’Imana, n’abantu barabibona.

2. Gupfukama n’amavi y’umutima wacu
« Kuk’ umutima w’ubu bgoko ucuramye, Amatwi yabo akaba ari bihurugutwi, Amaso yabo bakayahumiriza: Ngo ntibarabishe amaso, Ntibumvishe amatwi, Ntibatahurishe imitima, Ngo bahindukire, Mbakize. »(Matayo 13:15)
Iyo umutima wacu ucuramye, umubiri wacu urashobora gupfukama ariko umutima wacu ntubikore.

3. Gupfukama n’amavi y’ubugombe bwacu
« Data, asangw’ ubigomba, kura iki gikombe, kindengane: ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba. »(Luka 22:42)
Dupfukamika imibiri yacu n’imitima yacu imbere y’Imana, ariko kubera kutihangana, tureka ubugombe bgacu bugafata umwanya wambere kuruta ubg’Imana.
Tumwizeye, ubugombe bgiwe butunganye buca buhinduka ubgacu.

4. Gupfukama n’amavi y’ubgenge bgacu
« Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose n’ubgenge bganyu bgose. »(Matayo 22:37)
Niba ubgenge bgacu bupfukamira Imana, vyerekana ko dukunda Imana.

“Ni muze tumusenge twunamye, Dupfukamire Uhoraho Umuremyi wacu.”(Zaburi 95:6)

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe gupfukama imbere yawe tubikuye ku mutima.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *