UBUSAMBANYI

Ubusambanyi ni icaha Satani afatirako ubuzima bw’abantu, akabagira abaja.
Biciye mu busambanyi, Satani atwiba ibintu vyose ubuzima bwacu bukeneye.
« Igisuma ntikizanwa n’ikindi, atar’ukwiba, n’ukwica n’ugutikiza. »(Yohana 10:10)

1. Mu buryo bw’umubiri:
Biciye mu busambanyi, Satani atwiba amagara yacu: Ubusambanyi nibwo budukwegera indwara nyinshi zifatira mu bihimba vy’irondoka, gutwar’inda udashaka, gukuramo inda, indwara z’ivyaduka, n’ibindi.
Ubusambanyi bushobora kandi gutera ubugumba, ihahamuka n’urupfu.
Biciye mu busambanyi, Satani aratwiba amafaranga, ubutunzi n’inguvu zacu twonona kubera ubusambanyi.

2. Mu buryo bw’imibereho n’imibano:
Ubusambanyi ni intandaro y’ingorane zaduka mu miryango no muri mibano. Biciye muri bwo, Satani arasambura imiryango yacu, umunezero, urukundo, icubahiro n’icizere duhabwa n’abantu. Buradukoza isoni.

3. Mu buryo bw’impwemu:
Ubusambanyi buhagarika kunwana kwacu n’Imana kandi bwugururira imiryango abadayimoni.(Soma 1 Ab’i Korinto 6:15-16)
Muvy’ukuri, iyo abantu babiri baryamanye, ntibahuza imibiri yabo gusa ahubwo banahuza impwemu zabo. Iyo usambanye n’umuntu yasambanye n’abandi bantu benshi, impwemu mbi ituruka kubo bashurashuye bose, ica ikwimukiramwo yose.
Ni muri ubwo buryo imivumo n’amasezerano agiranwa n’abadayimoni biri mu mugabo X vyimurirwa mu mugore Y biciye mu gushurashura.

Inkurukizi z’ubusambanyi ziratandukanye ukurikije ubwoko bw’igitsina:

Igitsina c’umukobwa w’isugi:
Igitsina c’umukobwa w’isugi, mw’isi y’impwemu gifise inkomezi n’agaciro bikomeye cane mu maso y’Imana
Niyo mpamvu kugira Imana yigire umuntu, yategerezwa guca mu mukobwa w’isugi. (Soma Matayo 1:23)
Yamara, n’ubwo igitsina c’isugi gifise agaciro, kiraronderwa cane mu mibonano mpuzabitsina mw’isi ya satani kuko congera inkomezi ku bakozi ba Satani n’abadayimoni.

Igitsina c’umugore yubatse:
Igitsina c’umugore yubatse kirinzwe n’inkomezi z’amasezerano y’ububatse.
Umuntu wese aryamanye n’umugore yubatse, yibonerako uburake bw’Imana ubwayo.(Soma Imigani 6: 28-29)
Abayoboke ba Satani barondera kuryamana n’abagore bubatse kugira ngo bashikire inkomezi z’abagabo babo kugira bazibibe, basigare babaganza, babashe kubakoresha ivyo bashaka.

Igitsina c’umugore yigenga:
Ni igitsina kidakingiwe ariko kizimya umuco. (Soma 1 Ab’ I Tesalonika 5:19)

Igitsina c’imaraya:
N’igitsina giteje akaga kw’isi, kuko ni umuryango ufunguye kuri buri muntu. N’icicaro c’impwemu nyinshi kuko imaraya iryamana n’abantu b’ubwiko bwose.(Soma 1 Ab’i Korinto 6:16)

« Imibiri yacu, s’iyo gushakana, mugabo n’iy’Umwami wacu. »(1 Ab’i Korinto 6:13)

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, dufashe kwirinda ubusambanyi no gutsinda ibigeragezo vyabwo vyose.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: *+ 250 730 900 900*
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *