UBWO NTIWOBA URI UMWICANYI ?

Ivyo woba ukora vyose, niwisuzume, urabe neza ko utoba uri umwicanyi mu maso y’Imana.

Bibiliya ivuga iti:
« Uwanka mwene Data wundi n’umwicanyi; kandi murazi yukw ata mwicanyi yogira ubugingo budashira ngo bugume muri we. »(1Yohana 3:15)

Muvy’ukuri, uko woba witangira isengero gute, Iko woba usenga cane gute, uko woba utanga amashikanwa menshi gute canke n’icacumi, mu gihe woba wanka n’umuntu n’umwe, menya ko uri umwicanyi kandi udashimisha Imana.
Ntushobora kuvuga ko ukunda Imana nimba wanka ikiremwa Imana yaremye mw’ishusho ryayo.
Muyandi majambo, uribesha kandi wanka Imana ubwayo.
Ukwiriye rero gusenga cane kugira Imana igufashe kurandurana n’imizi urwo rwanko mu mutima wawe, ihashiremo urukundo rwayo.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, dufashe kurandura urwanko mu mitima yacu kandi udushoboze kubabarira no gukunda.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye. Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *