UKO IMANA ITUBONA

Imana ntiyigera ituraba nk’uko twibona ubwacu, canke nk’uko abandi batubona!

Igihe Imana yategeka Samweli kuja gusiga amavuta umwe mu bahungu ba Isayi yategerezwa kuba umwami wa Isiraheli, Samweli rarakanzwe n’urukoba rw’abavukanyi ba Dawidi, kandi ari Dawidi Imana yatoranije.
Imana rero iramubwira iti:
« Jewe sindaba nk’ukw abantu baraba: kukw abantu baraba ku rukoba gusa, ariko jewe Uhoraho ndaba mu mutima »(1Samweli 16:7)

Igihe Imana yaraba Dawidi, yabona muri we umurwanyi w’intwari kandi asenga bidasanzwe, umwami w’intwari, umwami ahimbara umutima wayo mu gihe abavukanyi biwe bamusuzugura bakamubonamwo umwungere gusa.
Iyo abandi baturaba, babona ivyo batwumviseko, babona urwego twoba turimwo, babona ivyo tujejwe, babona ibihe turimwo, bakabona uko twambara, uburebure bwacu, imiterere yacu, n’ibindi.
Ariko Imana yo, iraba umutima, ahihishije imico yacu n’ubushobozi bwacu abandi badashobora kubona, ari naho kandi yanditse imigambi idufiseko.

Imana idufashe idushoboze kudaha agaciro ivy’uko abandi batubona.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *