UKO UMUKRISTO ATSINDA ISI AMEZE

Kuba canke kwitwa umukristo ntibikwiye, igikwiye n’ukuba umukristo atsinda, n’ukuvuga umukristo atsinda ivy’isi mbi ya satani kubgo kwizera Yesu.

Hano har’ibintu bitanu bitandukanya umukristo atsinda n’abandi bakristo bose:
1. Ukwizera gukiza
Abakristo batsinda ni abavutse ubwa kabiri bashira ukwizera kwabo mu butumwa bgiza bga Yesu Kristo.
Ukwizera kwabo kuba kandi kuguma gukomeye.
« Icavyawe n’Imana cose kinesha isi; iyi ni yo ntsinzi yacu yatsinze isi, n’ukwizera kwacu. »(1Yohana 5:4)
Ukwizera n’ibanga ry’ubuzima bwatsinze.
2. Amasengesho asubizwa
Abakristu batsinda basenga bakurikije ubugombe bg’Imana kandi bafise ivyizigiro vyo gusubizwa.
« Ubu ni bgo bushizi bg’ubgoba dufise kuri yo, n’ukw iyo dusavye ikintu cose gihwanye n’ivy’ igomba, itwumva. Kandi ko tuzi yuko yumva ico dusavye cose, bitumenyesha yuko duhawe ivyo tuyisavye. »(1Yohana 5:14-15)
Igisubizo c’amasengesho giterwa no bugombe kw’umuntu asenga hamwe no ku bushake bg’Imana.
3. Gutsinda icaha na Satani
Tumenya ko turi abatsinzi b’ivy’isi iyo Mpwemu Yera atwemeza icaha kandi akadufasha kwigobotora ingoyi y’icaha tumenyereye gukora.
« Turazi yuk’ umuntu wese avyawe n’Imana adakora ivyaha, arik’ umwe yavyarwa n’Imana aramuzigama, kandi wa Mubi ntamukorako. »(1Yohana 5:18)
Abakristo batsinze biraborohera gutsinda icaha.
4. Kwumva ko uri umwana w’Imana
Umukristo w’umutsinzi w’ivy’isi n’umuntu azi kandi yiyumvamwo ko ari umwana w’Imana.
« Kuko mutahawe impwemu y’ubuja ngo mwongere gutinya; ariko mwahawe impwemu yo kubahindura abana b’Imana, idutakisha ngo Abba, Data. Mpwemu ubgiwe abgiririkanya n’impwemu yacu, ar’ icabona, yuko tur’ abana b’Imana. »(Abaroma 8:15-16)
Kwumva ko uri umwana w’Imana bigukura mu buja bw’ubwoba.
5. Impano yo gusobanukirwa
Icizere gikomeye ko turi abatsinzi n’uko iyo tuvutse ubwa kabiri, twakira Mpwemu Yera aduha gusobanukirwa no kumenya ibintu vy’Imana.
« Kandi tuzi yuk’ Umwana w’Imana yaje, akaduha ubgenge ngo tumenye Iy’ukuri, kandi turi mu Y’ukuri, turi mu Mwana wayo Yesu Kristo. Iyo ni yo Mana nyakuri, n’ubugingo budashira. »(1 Yohana 5:20)

IGISABISHO:
Uhoraho Imana yacu, dufashe kuba abakristo batsinda.
Ni mw’izina ry’agaciro ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *