UKUGOROROKA S’UKUDACUMURA

Ukugororoka n’iki?
Kugororoka n’ukubana neza n’Imana, kutiyagiriza icaha, no kudakurikiranwa n’urubanza rw’icaha imbere y’Imana.
Ivyo navyo ntibisigura rero ko ari ukudacumura, kuko « umugororotsi n’iyo yogwa ibihetangabo ndwi, asubira kuvyuka »(Imigani 24:16), kandi Bibiliya itubwira ko « Tuvuze yukw ata caha dufise, tuba twizimiza, ukuri ntikuba kuri muri twebge.(1Yohana 1:8)

Muvy’ukuri, igihe cose dufise uyu mubiri, iyi nyama ipfa, turashobora kugwa mu vyaha.
Ariko twebge (abizera Yesu kandi twamwakiriye mu buzima bwacu nk’Umwami n’Umukiza wacu), Imana itubona nk’abagororotsi muri Yesu-Kristo.
« Nk’uko kutumvira Imana kw’umuntu umwe kwatumye benshi bacika abanyavyaha, ni ko kuyumvira kw’umwe kuzotuma benshi bacika abagororotsi. »(Abaroma 5:19)

None rero, ko twatsindanishirijwe no kwizera, dufise amahoro ku Mana kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo, yadushikanishije ukwizera mur’ ubu buntu duhagazemwo…(Abaroma 5:1-2)
Ariko rero, s’uko tuganzwa n’ubuntu bw’Imana ko twemerewe gukora ivyaha(Soma Abaroma 6:15).
Biragahera, ahubwo tuguye mu caha, dutegerezwa guhaguruka tugasabira imbabazi icaha cacu, kugira ngo tugarukane umubano mwiza n’Imana.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, udufashe guhora duhaguruka kandi tugasaba imbabazi igihe cose tuguye mu vyaha.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *