UMOTA IKI ?

Bibiliya itubgira ko abagenzi ba Daniel, aribo Shaduraka na Meshaki na Abedunego baterewe mw’itanura ry’umuriro uhinda maze bagaragara ataco babaye « ku buryo batigeze banuka n’umuriro ».

Umwami Nebukadineza yasimbge n’umutima abonye mw’itanura abantu bane kandi bari batereyeyo abantu batatu gusa, ati: « Erega ndabona abantu bane babohoye, bagendagenda mu muriro hagati, kandi nta co babaye; kand’ ishusho y’uwa kane isa n’iy’ umwana w’imana. »(Daniyeli 3:25)

Handitse ko basanze « umuriro utashoboye kugira ico ubagira ku mibiri yabo, kandi n’umushatsi wo ku mitwe yabo utababutse, n’imyinjiro yabo ata co yabaye, haba n’akarangu k’umuriro bonukako. »(Daniyeli 3:27)

Agasangwa barasohotse mur’iri tanura ry’umuriro ata munuko w’umuriro ubariko, ni ukubera ko Imana yari kumwe nabo mu muriro kandi yari yabarinze inkurikizi z’iki kigeragezo c’umuriro.

Muvy’ukuri, imibabaro yose ducamwo itugirako inkurikizi kandi idusigira akamoto kayo canke umunuko wayo.
Ariko twemeye guca mu bigeragezo vyose hamwe na Emmanuel (izina rya Yesu risobanura « Imana iri kumwe natwe »), tubivamwo ataco tubaye kandi ata n’umunuko w’ivyago uturiko nk’uko vyagenze kuri Shaduraka na Meshaki na Abedunego.
Abaca mu bigeragezo badafise Yesu bategerezwa kunuka umunuko wo kutizera abandi, umunuko w’ubwoba, umunuko w’urwanko, umunuko w’ihahamuka, umunuko w’ubukozi bg’ikibi, n’ibindi.

Ariko, n’aho bimeze uko, Imana irashobora gukiza abafise umunuko batewe n’ibigeragezo bitandukanye mu bugingo bgabo, ikabashirako akamoto keza k’intsinzi yayo, akamoto k’amahoro itanga, akamoto k’urukundo rwayo n’ubgiza yabagiriye. (Soma 2 Abakorinto 2: 14-16)
Ico gihe, ikigeragezo cabo gihinduka intahe y’icubahiro c’Imana.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, turinde inkurikizi z’ibigeragezo bitandukanye ducamwo.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

Intumwa y’Imana Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *