UMUBIRI WACU NI URUSENGERO RWA MPWEMU YERA

Umwe mu migisha ikomeye twaronse mu kuza kw’isi ni impano y’umubiri.
Umubiri wacu urahambaye cane ku buryo Uhoraho awita urusengero rwa Mpwemu Yera:
« Ntimuzi yukw imibiri yanyu ar’ insengero za Mpwemu Yera ari muri mwebge, uwo mufise, avuye ku Mana? Kandi si mwe mwiganza. »(1 Abakorinto 6:19)

Dufise rero ibango ryo kuwubungabunga no kuwurinda ikintu cose gishobora kuwonona canke kuwica.

N’iki none gishobora kwica umubiri?

1. Ubusambanyi:
Icaha c’ugusambana gihumanya imibiri yacu haba mu buryo bw’impwemu no mu buryo bw’umubiri.(Soma 1 Ab’iKorinto 6:18)

2. Imigirwa y’ubupfumu n’ubupfumu:
Bihumanya umubiri wacu bikoreweho. Akarorero: indasago. Kurasaga bifise ingaruka mbi mu buryo bw’impwemu no mu buryo bw’umubiri.(Soma Abalewi 20:6)

3. Gukoresha ibintu bitwonona:
Kunywa ibinyobwa biboreza, ibiyovyabwenge, itabi, ibiribwa n’ibinyobwa birimwo isukari nyinshi cane canke birimo amavuta menshi bigenda vyonona amagara yacu buhoro buhoro.

4. Kudandahirwa:
Ubukunzi bw’inda n’icaha abakristo benshi birengagiza. Yamara bifise ingaruka mbi ku mubiri.(Soma Ab’i Galatiya 5:21)

5. Ubunebwe no kuruha cane:
Ubunebwe no kuruha cane vyica umubiri. Dukwiye kwirinda gusinzira igihe kirekire kiruta igikenewe, tukaryama kare tukanavyuka kare, kugira ngo umubiri n’ubwenge vyacu bigire inkomezi.(Soma Imigani 13:4)

6. Uburake, intimba n’urwanko:
Uretse ko vyonona amagara yo mu mitwe yacu, biranirukana Mpwemu Yera mu mibiri yacu.(Soma Imigani 14:17)

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, dufashe kumenya no gushobora gufata neza imibiri yacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *