UMUNSI MPUZAMAKUNGU W’ABAGORE

Bibiliya ishira abagore mu mutima w’umugambi wo gucungura isi, kandi Inkuru Nziza yerekana ko, mu murimo yaranguriye hano kw’isi, Yesu yakoze nkana kugira ngo abagore batunganirizwe kandi bemerwe bubahirizwe.

Kubera imburi canke impanuro Imana yahaye abagore mw’Itanguriro 3:16 iti: »umugabo wawe uzomuhoranira inyota, nawe azokuganza. » hari abumva ko umugore akwiriye kuganzwa nya kuganzwa.
Ariko siko biri.
Ahubwo ibi bikwiriye gutuma abagabo bisubirako bakibaza bati:
Ubwo nogendera kur’iki ciyumviro co kuganza umugore?
Ubwo noba ndavyitwaza mu gusobanura Ivyanditswe?

Ijambo ry’Imana riraduhumuriza mu gutangaza mw’Itanguriro 3:15 riti: « Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe. »: Yesu Kristo, yavutse ku mugore (Abagalatiya 4: 4), uyu mwigisha adasanzwe yiyamirije ihohoterwa rikorerwa abagore (yarabatunganirije), anabemera nk’abigishwa (yarabubahirije) yarajanjaguye umutwe w’inzoka.
Umwana w’Imana wese ategerezwa kwiyemeza kurwanya ihohoterwa rikorerwa abagore no guharanira kugaragara kw’abagore mu nzego zose z’ubuyobozi bw’Isengero.

Umunsi mwiza ku bagore bose bo kw’isi.

Intumwa Jean-Claude SINDAYIGAYA
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *