UMUNTU YUBAHA IMANA AMEZE GUTE ?

Kugaragaza umutima, ubwenge, na kamere vy’Imana niyo ntumbero y’umuntu wese ashaka kuba umuntu yubaha Imana.

*None umuntu yubaha Imana ameze gute ?*
• Arihana iyo acumuye (1Yohana 1:9)
• Yizera ko yapfuye ku vyaha ariko ari muzima ku Mana (Abaroma 6: 1-4, 11)
• Yicisha bugufi aho kwishira hejuru (Imigani 27:2)
• Ahora ashaka kuba umukozi aho gusaba ko bamukorera (Mariko 10:45)
• Yifuza guhora yuzuye Mpwemu yera (Abefeso 5:18; Ivyakozwe 13:52; Abagalatiya 5:25)
• Ahora yifuza guhimbara Uhoraho kurusha uko yokwihimbara (2 Abakorinto 5:9)
• Yera ivyamwa vy’ubwami bw’Imana (Yohana 15:5-8)

Umuntu yubaha Imana s’umuntu atunganye, ariko yihatira buri munsi gushushanya ubuzima bwiwe n’ubwa Yesu.
Ntiyihanganira ivyaha n’intege nke asanga muri we, kuko ahora asaba Imana ubufasha bwo kubitsinda (Abaroma 6: 11-14).
Umuntu uwo ari we wese arashobora kuba umuntu yubaha Imana mu gihe yoba akunda Imana n’umutima wiwe wose kandi agashaka kuyumvira mu bice vyose vy’ubuzima bwiwe (Luka 10:27; Abagalatiya 2:20).

Woba ushaka kuba umuntu yubaha Imana canke usanzwe uyubaha?
Niwaba utari uwubaha Imana, haranira kuba mu bayubaha kugira ngo uyihimbare.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kukwubaha n’umutima wacu wose.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *