UMUSARABA, IKIMENYETSO C’URUKUNDO RW’IMANA

Ubwa mbere na mbere, umusaraba ntiwakozwe kandi ntiwazanywe n’Imana kw’isi, ahubwo wiyumviriwe wongera ukorwa n’Abagereki mu nyuma wiganwa n’Abaroma kugira ngo bawukoreshe mu guhana inkozi z’ibibi bazibabaje cane. Ariko mu buryo bw’igitangaza, Imana yacu yarawukoresheje i Golgotha ​​kugira ngo ikize isi ivyaha n’urupfu ruhoraho. Uko niko umusaraba wabaye ikimenyetso c’urukundo.

« Bamubambaho, hamwe n’abandi babiri, umwe hirya, uwundi hino, Yesu yari hagati. »(Yohana 19:18)

Ku musaraba, aho umuntu yari yagaragarije ububisha burengeje urugero, Imana yahagaragarije urukundo rwayo. Mu mwanya yamaze abambwe ku musaraba, Yesu yariko aranunuza ubwo bubisha, ico kibi kiri mu mitima y’abantu kubw’urukundo rwiwe.

Kuri uwo musaraba niho Yesu yapfiriye kugira akize abantu bose, abakiriho bibereye mu vyaha n’abari basanzwe barapfuye bapfiriye mu vyaha.
« Arikw Imana yaramuzuye, ibohoye ibise vy’urupfu, kuko bitashobotse ko rumugumya. »(Ivyakozwe n’Intumwa 2:24)
Mbega inkuru nziza!
« Imva ziruguruka, imivyimba myinshi y’abera bari basinziriye irazurwa; bava mu mva amaze kuzuka, bashika mu gisagara cera, babonekera benshi. »(Matayo 27:52-53)

Kubera ko Yesu yasheshe amaraso yiwe ku musaraba kugirango dushobore gucungurwa, dushobora guhabwa imbabazi no kwezwa ivyaha vyacu.
Ariko, uku gucungurwa kwari gufise ntumbero ihambaye: Imana yashaka ko twakira ubuzima bgayo kandi ivyo birashoboka kubera y’uko ubuzima butangwa n’urupfu rwa Yesu.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe gusobanukirwa igikorwa cakorewe ku musaraba n’umwana wawe Yesu Kristo.
Ni mw’izina ridasanzwe rya Yesu Kristo nyene tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *