UMUTIMA WA DAWE WA TWESE ARI MW’IJURU

Reka ndababwire inkuru y’ukuri numvise.

Hari umupasitori yagwaje umwana wiwe muto, amujanye kwa muganga, baramupima basanga arwaye kanseri.
Umunsi uwo mwana wiwe yategerezwa kubagwa, Pasitori yaratakambiye Imana avuga ati:
« Mana, mfise imyaka hafi 30, ariko umwana wanje afise amezi atatu gusa. Kuki utonkurako imyaka mike ku buzima bwanje ukayiha umwana wanje? »

Hanyuma, yumva ijwi ry’Imana rivuye imbere muri we, rivuga riti: « S’uko meze. »
Uwo mugabo avyumvise, yaciye amenya ko indwara y’umwana wiwe itaturutse ku Mana.
Yatahuye kandi ko nimba, umuntu mubi ashobora kwifuriza umwana wiwe neza, Data wo mw’ijuru we yorushirizaho.
Noneho, yaciye ahindura isengesho ryiwe, maze avuga ati: « Data Mana, ndiyamirije iyi ndwara kandi ndagusavye ukize umwana wanje. »

« None mwebge, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha ivyiza abamusavye? »(Matayo 7:11)

Uyu munsi, Imana ishaka ko tumenya ko Atari Data ashaka ko turwara kandi dutsindwa, atugumiza mu bukene, yanka kuduha ivyo dukeneye kandi akatwima n’imigisha.

Ibimuhimbara n’ukwinjira mu biduhimbara no kutubona duhimbawe.
Nimba twebge, n’ubwo turi babi, tuzi guha abana bacu impano nziza, Data wo mu ijuru ntazobura kuduha ibintu vyiza nitwabimusaba!

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, dufashe kubona uko udukunda.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo dusenze tuvyizeye.
Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *