UNO MUSI N’ABANDI, ARIKO EJO NI TWEBWE

Mu buryo bumwe canke ubundi, Imana ihezagiza abana bayo ubuzima bwiza, akazi keza, gutera imbere muvyo bakora, n’ibindi.

Iyo tubonye canke twumvise abandi bahezagiwe, ntidukwiriye guca twihebura ngo twe yaratwibagiye, canke guca tubagirira ishari, dukwiriye ahubwo kumenya ko ejo aho bukera ari twe tuzoba turamukiwe kugirirwa neza.

Muvy’ukuri, Imana ntitugisha inama mu guhezagira umuntu uwo ari we wese, canke ngo hagire uwo igisha inama kugira iduhezagire.
Vyongeye kandi, Imana ntihezagira abana bayo kubera baba babikwiriye.
Kubera twese turi abana bayo, Imana idukunda twese ku rugero rumwe kandi yitaho umwe umwe wese ukwiwe:
« Nta co umuntu ashobora kuronka ubgiwe, atagihawe kivuye mw ijuru. »(Yohana 3:27)

Imana yacu iratunze. Ifise ivyo umwe umwe wese akeneye kubw’umunezero wiwe.
Ko iha umugisha abandi uyu munsi, ni tumenye ko ejo aho bukera ari twe turamukiwe.
Reka rero twitegurire imigisha yacu.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe umugisha uyu munsi nk’uko wawuhaye abandi.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *