URI UMUNYAMAYERI CANKE UMUHANGA ?

Abantu benshi bitiranya amayeri n’ubuhanga. Kandi yamara ivyo uko ari bibiri, biratandukanye cane kuko amayeri aturuka kuri Satani ubuhanga nabgo bukava ku Mana.

Bibiliya itubwira ko umuntu yabayeho kw’isi w’umuhanga kurusha abandi ari Umwami Salomo kandi ko uwamuhaye ubgo buhanga ari Imana.
« Nukw Imana iha Salomo ubgenge n’ubuhanga bginshi cane, n’umutima wagutse, nk’ukw isesero ry’umusenyi wo ku kiyaga ryagutse. »(1 Abami 4:29)
Duca twumva ko Imana ar’isoko ry’ubuhanga.
Ariko, nta hantu na hamwe Bibiliya itubgira ko hari n’umuntu n’umwe Satani yahaye ubuhanga. Itanga kandi yigisha amayeri gusa.
Niyo mpamvu Bibiliya imwita umubi.
« Turazi yuko tur’ ab’ Imana, kand’ isi yose iri muri wa Mubi. »(1Yohana 5:19)
Umubi avyara, akunda kandi akundisha ikibi, agakoresha amayeri canke urwenge kugira ate umuntu mu caha no mu kaga.

Niwaba rero mu buzima bgawe uzi gufatira ku ntege nke z’abandi kugirango uvyungukiremwo canke ubate mu bibi, canke niwaba wemera ko amayeri ashobora kuba inzira nziza y’ubuzima bgawe, ntiwibaze ngo uri umunyabgenge, oya, ahubwo uri umunyamayeri gusa kandi uri uwa Satani.
Ariko niwaba wanka ikibi n’igisa naco, ugakunda ukuri n’umuco muvyo ukora vyose, uri umuhanga kandi uri uw’Imana.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, dufashe utugire abanyabwenge aho uko tuba abanyamayeri.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
https://thelionofjudah.cw.center/
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *