URI UW’IMANA CANKE UWA SATANI ?

Wari uzi ko mu bantu harimwo bamwe ari abana b’Imana n’abandi ari abana ba Satani?

« Iki ni co kimenyekanisha abana b’Imana n’abana b’Umurwanizi: udakora ibigororotse wese s’uw’ Imana, cank’ udakunda mwene Data wundi. »(1Yohana 3:10)

Itandukaniro rirasobanutse: umuntu wese adakora ibigororotse s’uw’ Imana, cank’ adakunda mwene Data wundi.
None wewe uhagaze he?
Uri uw’Imana canke uwa Satani?
Isuzume neza.
Ukaba udakora ibigororotse, uri uwa Satani agutuma kugirira nabi abandi.
Ukaba udakunda mwene So, uri uwa Satani agutuma ugira amacakubiri, urwanko, n’ishari n’inzigo.
Ariko ukaba wanka icaha, ikibi n’uburyarya, nta nkeka uri uw’Imana.
Isuzume, umenye aho uhagaze.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, dushoboze guhora dukora ibigororotse no gukunda abantu bose.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *