URONDER’IKI MW’ISENGERO ?

Kuber’iki uja mw’isengero?
Hariho abakristo baja mw’isengero biteze ko ariho ibibazo vyabo bironkera inyishu!
Agasangwa mu vyiyumviro vyawe canke mu kwizera kwawe, uhora uja mw’isengero kugira ukemure ibibazo vyawe, uribesha cane.
Mu bisanzwe, abakristo bategerezwa kuja mw’isengero kugira bamenye Kristo, bamenye ko iyo bari kumwe nawe ibibazo vyose vyohora vyohora bironka inyinshu.
Nico gituma Intumwa Pawulo yavuze ati « Kuko nagabiye kutagira ico mmenya muri mwebge, atari Yesu Kristo, we yabambge. »(1 Abakorinto 2:2)

Yesu Kristo niwe abantu bakeneye kumenya, kugira bamwizere bamuzi.
« None bazokwambaza bate uwo batarizera? Kandi bazokwizera bate uwo batarumva? Kandi bazokwumva bate, ata wabasiguriye ivyiwe? »(Abaroma 10:14)

Isengero siryo ritanga inyishu ku bibazo abantu bafise, inyishu z’ibibazo zitangwa na Yesu Kristo iyo twamumenye tukamwakira mu buzima bgacu, akaba muri twebge natwe tukaba muri we.
Menya Yesu Kristo neza.

Kandi guca mu bibazo n’ibisanzwe kuko na Yesu Kristo yaratubwiye ko dutegerezwa kubicamwo. Yavuze ati:
« Mw isi muri n’amarushwa, ariko ni muhumure, jewe naranesheje isi. »(Yohana 16:33)
Niwamenya Yesu Kristo neza, uzomukunda kandi uzomwizera, kandi kubwo kwizera Yesu Kristo kwawe uzokwibonera uko ibibazo vyawe bigenda bironka inyishu.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe gukomera mu kwizera Yesu Kristo kwacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

Intumwa y’Imana Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *