UYU MUSI, NINDE MUBONA MUZOSABA ?

Mu bihe Abisiraheli bari bakikujwe n’imana zitandukanye, Yozuwa yababwiye ko bakwiriye guhitamwo imana bakorera.
Noneho yatanze akarirero, agira ati:
« Kandi namba mubona bibabangamiye gusaba Uhoraho, uyu musi ni mwitoranirize uwo muzosaba, namb’ ari za mana ba sogokuruza basaba hakurya ya rwa ruzi, cank’ imana z’Abamori ben’ iki gihugu murimwo; ariko jeho n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Uhoraho. »(Yozuwa 24:15)

Uyu munsi, cokimwe no mu gihe ca Yozuwa, dufise amahitamwo menshi imbere yacu: Kuja mu bapfumu, kurya ibiturire, ubuhemu, ubusambanyi, kubesha no guhemuka ni bimwe muvyo satani aduha, atanga kugira tumukorere, « tubeho neza », canke ngo udutungishe.
Imana iduha amahitamwo yoroshe, meza kandi akwiye kugira tuyikorere: urukundo, ubutungane, imbabazi, kwubaha abandi, gukora, Kuba inyankamugayo, kwitonda, n’ibindi.

Ariko, inzira dukwiriye guhitamwo n’imwe gusa: Imana y’ukuri.
Yozuwa yahisemo neza ati: « Jeho n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Uhoraho. »

Ntawundi uretse Uhoraho wenyene, yoshobora kumara inyota dufise mu mitima yacu.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe kugukorera wenyene ubuzima bwacu bwose.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo dusenze, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *