WAR’UZI KO UR’IMANA ?

Igitabo c’amategeko kivuga ko turi imana:
« Mur’ imana, Mwese mur’ abana b’Isumba vyose. »(Zaburi 82: 6)
Mbere na Yesu aravyemeza:
« Mbega ntihanditswe mu vyagezwe vyanyu, ngo Navuze nti Mur’ imana? »(Yohana 10:34)

Iyo uba wari uzi ko ur’imana, kubera ko uri umwana w’Isumba vyose, wotewe isoni n’ivyo wiyumvira, ivyo uvuga canke ukora, bibabaza so Imana kandi bikanezereza umwansi wiwe Satani.
Isuzume rero, uhebe ikintu cose kibi wiyumvira, uvuga, canke ukora, kitubahisha kandi kitubahiriza iryo zina ry’Imana wahawe.
Kanatsinda, Imana data ibwira abantu bose iti:
« Mube abera, kuk’ Uhoraho Imana yanyu na we ar’ uwera. »(Abalewi 19:2)

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, dufashe kwubaha no kwubahiriza izina ryawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *