WEHO UGEZE HE NA KRISTO ?

Inyuma yo guhura na Yesu, intumwa Pawulo yaremeye ko ari umwami n’umukiza wiwe, anamusezeranya kumukurikira.

Mu ntango y’urugendo rwiwe na Yesu, intumwa Pawulo yibaza ko bizomworohera gutegeka kameremere yiwe, kwirinda ikibi no gukora ibishimisha Imana.
Inyuma yo kubona ko adashobora kubigerako kubg’inkomezi ziwe bwite yagize ati:
« Ndazi yuko muri jewe, mu kameremere kanje, ata ciza kimbamwo: kuko kugomba gukora iciza kubana nanje, ariko kugikora nta kwo. Kukw iciza ngomba atari co nkora, arikw ikibi ntagomba akaba ari co nkora. »(Abaroma 7:18-19)

Muvy’ukuri, kubg’inkomezi ziwe, nta muntu n’umwe ashobora kuganza kameremere kiwe atabifashijwemwo na Kristo.
Intumwa Pawulo yaratevye arabona mu nyuma ko ashobora kuganza kameremere yiwe y’icaha no gutsinda ibimugerageza vyose, maze aravuga ati:
« Nshobozwa vyose n’umpa inkomezi. »(Ab’ i Filipi 4:13)

Muvy’ukuri, ntamuntu akwiye kwirata kubushobozi afise bwo gutsinda ibigeragezo, Yesu Kristo niwe ubimushoboza.
Intumwa Pawulo yamenye kandi ko yarabashije kwirinda ikibi no gukora ivyiza, kubera Kristo yabimushoboje.
Natwe twemeye kugendana na Yesu Kristo, n’ukuri azodushoboza nka Pawulo, gutsinda kameremere yacu y’icaha no gutsinda ibigeragezo vyose.

Hanyuma, mu nyuma, intumwa Pawulo yarageze ku murongo wanyuma wo gutungana. Yesu yamugejeje ku rwego umuntu uwo ari we wese ashobora kumwigana niba ashaka guhimbara Imana.
Vyaramunezereje, maze aravuga ati:
« Ivyo mwize, ivyo mwakiriye, ivyo mwumvise, ivyo mwambonanye, abe ari vyo mukora: ni ho Imana Nyen’ amahoro izobana namwe. »(Ab’ i Filipi 4:9)

Ninde muri twebge yovuga iri jambo?
Ubwo uno musi, twokwubahuka kubwira abantu ngo baturabireko akarorero?
Yamara aho niho uwugendanye neza na Yesu amugeza.

None weho mwene Data ugeze he mu kugendana na Yesu?

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kugendana n’Umwana wawe Yesu kristo no kuyoborwa na Mpwemu yera kugira tubashe kubera abandi akarorero ko kukugororokera.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *