WOKORA IKI UBONYE IMANA ITEVYE KWISHURA AMASENGESHO YAWE ?

Birashobora gushika ugasenga cane kandi mu kwizera ariko ukabona umenga Imana ntikwumva kubera amasengesho yawe atishurwa.
None mur’ico gihe wokora iki?

Mur’ico gihe, hari abakristo bamwe bamwe baca baheba Imana, abandi bagaheba gusenga, abandi nabo bagaheba no kuja mw’isengero.
Ariko Bibiliya ivuga iti:
« Musenge ubudasiba; mwame mukenguruka muri vyose, kukw ico ari co Imana ibagombako muri Kristo Yesu. »(1 Ab’i Tesalonike 5: 17-18)

Mu bihe vy’amadidane, iyo amasengesho yawe atishuwe, ibanga n’ugukomeza gusenga, gusenga ubudasiba, gusenga ushimira Uhoraho kubwo kwizera ko ivyo usengera wabibonye.
Ntucike intege, komeza usenge gushika ubonye ico usengera.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe kutazigera ducika intege ku masengesho.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye tuvyizeye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *