Y333, UMURONGO WO GUHAMAGARA IMANA

Muri buri gihugu, buri serivisi yihutirwa ifise umurongo wayo wa telefone.
Mu bihugu bimwe, uhamagara 17 canke 112 kugira ngo ubone ubufasha bwa polisi, 912 kugira ubone ubufasha bwa rusehabaniha, 18 kugira ubone ubufasha bw’abashinzwe kuzimya umuriro mu gihe hadutse umuriro, n’ibindi.
Ariko, kw’isi yose, hari umurongo uhabwa abantu bose bashaka guhamagara Imana ngo ibafashe. Uwo murongo ni Y333.

Igihe Yeremiya yari mw’ibohero niho Imana yamuhamagariye gusenga imubwira iti:
« Mpamagara, nanje ndakwitaba, nkwereke ibihambaye n’ivyikinze, ivy’ utaribgamenye. »(Yeremiya 33:3)

Y333 rero ni Yeremiya 33:3.
Aha niho Imana ubwayo itwibwirira ko dufise uburenganzira bwo kuyihamagara igihe cose tuyikeneye.
Iyo imitima yacu iducira urubanza, mu gihe uburemere bw’icaha buturenze canke mu gihe turi mu bibazo, tuba dukwiriye guhamagara Imana kugira idutabare, kandi yatwemereye kutwitaba, kutuvugisha, kutwereka no kudukorera ivyo ubwenge butazi canke tutazi ko bishoboka.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe guhora tuguhamagara igihe cose dukeneye ubufasha bgawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *