YARARUHUTSE

Kuva mw’itanguriro Imana yatanze akarorero ko kuruhuka.

« Ku musi ugira indwi Imana inonosora ibikorwa vyayo yakoze; iruhuka ku musi ugira indwi ibikorwa vyayo vyose yakoze. Nukw Imana ihezagira uwo musi w’indwi, iraweza: kukw ari wo Imana yaruhukiyekw ibikorwa vyayo vyose, ivyo yaremye kandi yakoze. »(Itanguriro 2:2-3)

N’aho Imana yaruhutse, s’uko yari yarushe. Oya, Imana ntishobora kuruha, Imana ntirambirwa.
Imana yaruhutse kugira yigishe abantu ko bakeneye kuruhuka.
Irazi ko ubgenge bwacu n’umubiri wacu bikora neza iyo turuhutse bikwiriye.
Turashobora kurushaho gukora vyiza, gukora ibintu neza, no kugwiza umwimbu iyo dukoze iminsi 6 kuruta 7 yose.
Reka twimenyereze kuza turaruhuka kugirango turinde ubuzima bgacu.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe kugira akamenyero ko kuruhuka kugirango turinde amagara yacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *