YESU ADUKOREKO !

Igihe cose Yesu yakora ku bantu, haca haba igitangaza mu buzima bgabo.

Matayo 8:3-4
Aramvura ukuboko, amukorako, ati Ndakunze, humanuka. Bun’ aca akira imibembe yiwe.

Matayo 8:15
Amukora ku kuboko, umururumbo urazima; aravyuka (Inabukwe wa Petero), aramuzimana.

Matayo 9:29-30
Aca akora ku maso yabo, ati Bibabere nk’uko mwizeye (impumyi zibiri). Amaso yabo arahumuka.

Mariko 6:56
Aho yaja, mu mihana canke mu bisagara canke mu misozi, bashira abarwaye mu tuguriro, bakamwinginga ngo bamukore naho hoba ku buyonga bg’impuzu yiwe gusa; abamukozeko bose bagakira.

Luka 7:14-15
Yigira hafi y’ikigagara, agikorako, abahamvyi barahagarara. Aravuga, ati Muhungu, ndakubariye nti Vyuka. Uwari yapfuye aravyuka, aricara, atangura kuvuga Yesu amuha nyina.

Yesu n’akore ku mitima yacu kugirango ihinduke kandi ihimbare Imana, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *