IMANA IRAGUTAHURA!

“Abantu baraba ku rukoba gusa, ariko jewe Uhoraho ndaba mu mutima.” (1 Samweli 16:7)

Abantu barashobora kubona ivyo ukora, ariko ntibamenye kahise kawe, ibikomere vyawe, intambara urimwo canke ivyo waciyemwo.

Barashobora kugucira urubanza canke bakaguhambarira.
Ariko Imana yo, iragutahura.
Izi umutima wawe, imigambi yawe, intege nke zawe n’ivyo abandi badashobora kubona.

Yesu ari ku musaraba yarasenze ati:
“Data, n’ubaharire, kuko batazi ico bakora.” (Luka 23:34)

Imana ntiyita ikibi iciza, ariko izi ukuri kw’umutima wa buri muntu.
Igirira ubuntu uwihanye kandi igahagurutsa uwacitse intege.

Abantu barashobora kumenya kahise kawe; ariko Imana yonyene niyo izi umutima wawe.
Abantu barashobora kubona ukugwa kwawe; ariko Imana yonyene niyo imenya n’ukwihana kwawe.
Abantu barashobora kugucira urubanza; ariko Imana yonyene niyo ishobora kugusubiza intege.

IMANA IRAGUTAHURA!
Guma uri umunyakuri imbere yayo, uyizere, kandi ureke ubuntu bwayo buhindure ubuzima bwawe.

IGISABISHO:
Mwami, urazi umutima wanje. Mbabarira ivyaha vyanje, kiza ibikomere vyanje kandi uhindure ubuzima bwanje.
Mpa nanje ubuntu bwo kuraba abandi n’impuhwe, aho kubacira urubanza. Amen.

Shalom.

Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA
THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *