AMAFOTO YA YESU !

Uhoraho Imana yacu aratubuza kwironderera, gutunga canke gusenga ibigirwamana n’ibishushanyo ivyo arivyo vyose.

Yaravuze ati:
« Ntimuze mwironderere ibigirwamana, canke ngo mushinge igishushanyo, ar’ ikibazano, ar’ inkingi y’ibuye, kandi ntimuze mugire ikibuye mushira mu gihugu canyu gikorogoshoyekw ibishushanyo co kwunamira: kuko nd’Uhoraho Imana yanyu. »(Abalewi 26:1)

Ariko biratangaje kubona tuguma twironderera ibigirwamana!
Mbega mwari muzi ko kumanika ifoto ya Yesu mu nzu yacu ari ukumanika ikigirwamana?
Mbega mwari muzi ko kwambara igitako kiriko ifoto ya Yesu ari ukwambara ikigirwamana?
Mbega mwari muzi ko kwambara urunigi ruriko ifoto ya Yesu ari ukwambara ikigirwamana?
Ivyo vyose n’ibigirwamana twironderera kuko s’ifoto nyayo ya Yesu, si Yesu, n’igishushanyo c’uwundi muntu atari Yesu.
Uretse ivyo, nta muntu afise ifoto nyayo ya Yesu kandi nta mucukuzi w’ivyataburuwe mu matongo yigeze agira kopi y’ifoto ya Yesu.
Kandi noneho, n’iyo iba ari ifoto nyayo ya Yesu, ijambo ry’Imana ntiryotwemereye kuyigira ikigirwamana.
Ikibabaje cane, n’uko hari n’aba Kristo bizera ko ayo mafoto ashobora kubarinda canke kubahezagira.
Birababaje.
Ifoto ya Yesu ntibaho kandi ntikenewe, n’igishushanyo ciwe ntigikenewe, kuko ishusho Yesu yashaka ko tumumenyako yarayitweretse, n’ishusho y’urukundo, imbabazi n’ubutwari yamugejeje ku musaraba.
Yesu ntashaka ko tumumenya mu bishushanyo, ashaka ahubwo ko tumenya umutima wiwe, ko tumenya icamuzanye kw’isi, ico yakoreye ku musaraba, n’ico dupfana nawe.
Yesu ntashaka ko tumumeyera mu mashusho, ashaka ko tumumenyera mw’ijambo ryiwe.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe gusobanukirwa n’ubgenge kugira tumenye kwirinda kwironderera no gusenga ibigirwamana.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *