BA BANDI…

Abo badebaguzi babonye inzoka ikomoye intumwa Pawulo ku kuboko, baciye nibaza ko ari umwicanyi yaciriwe urubanza n’Imana, kubera ko, nk’uko babivuze, Ubutungane butashaka kumureka ngo abeho, amaze gusimba urwo mu kiyaga.

« Ba bandi barereka kw avyimba, canke kw agwa bukumbi: ariko bamara umwanya munini babireretse, babonye ata co abaye, barahindura, bati N’imana. »(Ivyakozwe 28:6)

Muvy’ukuri, Imana ntiyemerera ikibi gihitana umuntu agifise imigambi yayo myiza. Pawulo apfuye, ubutumwa bwiwe bw’intumwa bwari kuba buhereye aho.
Uko niko bigenda ku bantu batwanka canke badufitiye ishari.
Iyo babonye tuguye mu kaga, bibaza ko biba biheze, ko tudashobora kubivamwo.
Baba bareretse rero ko ibintu bigenda nabi bikaduhitana. Kandi yamara, igihe cose Imana igifise imigambi myiza kuri twebwe, nta kibi codusenya, ubumara bw’ikibi ntabutugirako ingaruka.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kuguma mu burinzi bwawe ahantu hose.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *