DUTANGE IMIBIRI YACU NK’IBIMAZI BIZIMA

Kugira umubiri wacu ushobore kuba urusengero rwa Mpwemu Yera (1 Ab’i Korinto 6:19), intumwa Pawulo adutegeka gutanga imibiri yacu nk’ibimazi bizima:

« Nuko bene Data, ndabahanura kubg’ imbabazi z’Imana, ngo mutange imibiri yanyu ibe ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana… »(Abaroma 12:1)

Muvy’ukuri, umubiri n’igikoresho gishira ivyiyumwiro vyacu mu bikorwa. Mu vyiza canke mu bibi, umubiri urerekana uko imbere mu mutima hameze.
Gutanga umubiri wacu nk’ikimazi kizima ni ukureka ingingo zose z’umubiri wacu zikaba ibikoresho mu maboko y’Imana.

Kugira umubiri wacu ube ikimazi kizima kandi gihimbara Imana, dutegerezwa kuvavanura n’ivyifuzo vy’umubiri, n’ukuvuga kwirinda gukoresha umubiri wacu ivyaha.
« Kandi ntimugahe icaha imibiri yanyu ngw ikoreshwe n’ukugabitanya; ariko mwishikanire Imana… »(Abaroma 6:13)
Dukwiriye kandi kunaniza ibintu vyose bidukwegera mu vyaha umubiri wacu udusaba gukora.
« Muri mwebge intambara ziva hehe, n’imitongano iva hehe? Mbega ntibiva mu bibahimbara birwanira mu ngingo zanyu? »(Yakobo 4:1)

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, dufashe gushobora gutanga imibiri yacu nk’ibimazi bizima.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *