GUKARISHWA KUGIRA DUKARISHE

Igitabo c’Imigani kivuga ngo:
« Ukw icuma gikarisha ikindi, Ni k’umuntu akarisha mugenzi we. »(Imigani 27:17)

Icuma kigereranywa hano n’inkomezi z’abantu, ubutwari, icubahiro, ubukana (bw’umubiri n’ubwenge), gushikama, no kwizera ubushobozi.
Nk’uko icuma gikenera ikindi cuma kugira ngo kigikarishe, umuntu akeneye uwundi muntu amutera intege, amwungura ubumenyi, amurindisha canke amukomeza, n’ibindi.
Rero, nk’abakristo, duhamagariwe gukarishwa no gukarisha abandi kubw’icubahiro c’Imana, atari kubw’icubahiro cacu.
Turashobora gukarisha abandi canke gukarishwa biciye mu kwiga ijambo ry’Imana, biciye mu ma nama nkarishabgenge canke mu mpanuro.

None urakarishe?
Niwaba ukarishe, ni bangahe nawe umaze gukarisha kubg’icubahiro c’Imana?

IGISABISHO:
Uhoraho Imana yacu, dufashe guhora twumva ko dukeneye gukarishwa no gukarisha abandi.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *