GUKIZA ABANTU AHO KUBACIRAKW’ITEKA

Mbega Yesu yazanwe n’iki mw’isi?
Yesu avuga ati:
« Ni hagira uwumva amajambo yanje, ntayazigame, si jewe ndamucirakw iteka; kuko ntazanywe no gucirakw iteka isi, ariko nazanywe no gukiza isi. »(Yohana 12:47)

Gukiza abantu aho kubacirakw’iteka!

Aho gucira abantu imanza no kubacirakw’iteka kubera ivyaha vyabo, yarabababariye kugira ngo abakize urupfu rurindiriye abanyavyaha.

Natwe dukwiriye gukora nka we, dukize abantu aho kubacira urubanza no kubacirakw’iteka.

Kunegura, gukumira canke kwinuba abo twita abagizi ba nabi, “abanyavyaha”, canke n’abansi bacu, n’ukubacira urubanza kandi tuba turiko tubasunikira mu bibi kugira ngo tubahezeyo.
Yamara, baba bakeneye imbabazi zacu, bakeneye ko tubumva, bakeneye ko tubagirira impuhwe, bakeneye ko tubereka urukundo, kandi bakeneye ko tubahanura kugira bakizwe ibibi vyabo.

Erega, urukundo rw’Imana rudutegeka kwitaho abandi. Dutegerezwa rero kubitaho kugira tubarinde kandi tubakize ikibi aho kubacira urubanza.

IGISABISHO:
Uhoraho Imana yacu, duhe guhora dushaka gukiza abandi aho kubacira urubanza.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye tuvyizeye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *