GUKUNDA ABANSI BACU !

Wumvise Yesu abwira abantu gukundana, wogira ngo biroroshe cane !

Dusanga bigoye iyo tubonye aho Yesu avuga ati:
« Mukunde abansi banyu, musabire ababahama. »(Matayo 5:44)

Muvy’ukuri, nta kintu gisanzwe nko gukunda abadukunda canke kuramutsa benewacu.
Ikidasanzwe kandi ari naco gitandukanya abana b’Imana n’abandi n’inkomezi Kristo aduha kugira ngo dukunde n’abatwanka, kandi dusabire abaduhama.
Kandi tuvugishije ukuri, igihe cose tutaragera kuri urwo rwego rwo kuba dushobora gukunda abansi bacu, nta burenganzira dufise bwo kuvuga ko turi abana b’iyi Mana ivubira imvura ku bakiranuka no ku bakiranirwa.
Turibesha.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe inkomezi zo gukunda abatwanka.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye.
Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *